IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kinindo : Abakukuruke bane b’intwazangabo z’Uburundi bahagaritswe

Kinindo : Abakukuruke bane b’intwazangabo z’Uburundi bahagaritswe

samedi 3 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’Uburundi cahagaritse kuri uwu wa gatanu intwazangabo zine zo mu gisirikare c’Uburundi zisanzwe ziri mu karuhuko (Retraite). Abo bahoze ari abasirikare bahagaritswe inyuma y’isakwa ryabaye ku ngo zabo, bajanwa gupfungirwa mw’igendereza mu Burundi.

Abo bahagaritswe ni Colonel Masare, Colonel NSHIMIRIMANA, Colonel Bahenda hamwe na Colonel Augustin NSHIMIRIMANA.

Muri iryo sakwa igiporisi cafashe umwambaro w’igisirikare Colonel Masase yahora yambara atarakukuruka.

Imiryango y’abo basirikare ikaba itewe amakenga n’umutekano wabo.


IGIHE

Messages

  • Well done, bandanya amatohoza gushika aho abo bantu bipfuza gusubiza igihugu mu buja tubikuye, uwo basanga afise amakosa mu kumuhasha bimwe vy’ akarorero

  • JEWE ABARUNDI EMWE BARABAYE INBURABWENGE NONE NKABO BAGIRIZWA IBIBI NIBA ARIVYO BAVYIGE ATARIVYO BATAHE ARI BAMENYE KO UMMANA NYINA AMUVYAYEKO ATOSUBIRA MUNDA ABARUNDI NIBAVE MUVYOBATANDUKANYA TWUBAKE IGIHUGU IZONDA BAGIZE NKAVYABISIMU VYO MUKIVUVU HAMWE BINBA KORO BAREKE BAZIPFUNYE BURYA IGIHE KIGEZE KUVA MUKINTU RUNAKA WAHORAMWO UGENDA AMAHORO NABOBA BAKIRIMWIYO NZI REKA KANDI MUMENYOKO AMATEGEKO AZAMAHO NIMUREKE BASHAHU TWIBERE MUMUTEKANO UWUZOZA AZIKO AWUHUNGABANYA BIZOMUNYAGA REKA GEZAHO

  • Iperereza Nirikore Neza Atakarenganyo . Akaba Aribo Bagomba Kudusubiza Mumarira Abarundi . Nimubahane Atakinya !

  • NIKUKI BATAZISUBIJE IMBERE YUKO BAKUKURUKA NTAKUNDI NIBEMERE AHINTAHE ISHIZE KUMUTEKANO WABO ABARUNDI NA BANYAMAHORO NTAKIBAZO

  • NIKUKI BATAZISUBIJE IMBERE YUKO BAKUKURUKA NTAKUNDI NIBEMERE AHINTAHE ISHIZE KUMUTEKANO WABO ABARUNDI NA BANYAMAHORO NTAKIBAZO

  • Ntihagire uwugira ubwoba kuko ayonamatohoza ntamuntu ngaha mu Burundi mwikigihe azorenganwa kuko aboguhanwa bariho nubwo abeshi tubarobderera kure iyo birutse baja kwa Kagame Rwanda nokwa Louis Michel mu Bubiligi.
    Kurabomvuze birutse baja mu Rwanda ntanumwe aba mumakambi yimpuzi kuko barya barimumakambi yimpunzi ninkuko bafashwe burwati kandi ibabonye bavuga ivyobatamitswe wogirango nibamujeri ariko ntakundi bobigira baraheza bakabivuga ibinezereza ababafashe burwati kuko barabitubwira nkatwe dufisemwo imiryango yacu. Harihonuwambwiye ngo mbega burya niwazoronka ukotugaruka muburundi ibitwamatwabwiye kuvugira hejuru tubwira namashirahamwe mpuza amakungu ibinyoma kubijanye nu Burundi kugira turamuke ubwontibazobituryoza dushitse Burundi?
    Abondababwirako nindongozi ziburundi zizi amagorwa murimwo komwafashwe burwati maze bagasanga simbeje kuko indongozi zuburundi naso zisanzwe zivyivugira kohariho abarundi mu Rwanda bafashwe burwati kugezanaho badahabwa uburenganzira bwokwihitiramwo kuguma mubuhungiro canke kwisubirira mugihugu cabo camavukiro.

  • Barabamara bose,burya Nkurunziza ntibaramutahura kwarumwicanyi karuhariwe hano muburundi.

  • Nibazako bafashwe ku mvo z’amatohoza,ico twosaba ubutungane boyanyarutsa nimba ari abera bagasubira mu miryango yabo vuba. Imiryango nayo ntiyokagize amakenga ku bantu batwawe n’inzego za Leta zizwi kumbure Leta nayo yagize amakenga kurabo bantu.

  • Uyo avuga ngo ayo yose ni amatohoza. Amatohoza ntakorwa umuntu afunzwe. Kubera présomption d’innocence, kiretse igihe biboneka ko hashobora kuba uguhungabana ugutoroka, niho ushobora gufata ingingo yo gufunga umuntu n’aho nyene si mu gasho kuko ntaba aragirwa n’ubutungane. Jewe nibaza iyo droit abakorera ubutungane i Burundi hamwe n’abo bapolisi aho bayigiye , bikanyobera!!!!!!!

  • ubutungane nibukore kuko nta numwe azohanwa atagiriwe n’icaha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.