Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo: Abantu babiri bakomerekejwe na gerenade
Kirundo: Abantu babiri bakomerekejwe na gerenade
lundi 4 Nyakanga 2017
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE amenyesha ko iyo gerenade yatewe nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 4 Nyakanga 2017.
Amakuru ava mu giporisi amenyesha ko abakomeretse baciye bajanwa kw’ivuriro ryo ku Burara aho muri komine Busoni nyene.
Umugabo umwe azwi kw’izina rya Emmanuel NZOBONIMPA yamaze guhagarikwa,ku mvo z’amatohoza, ubu akaba ari mu giporisi c’inyamiramabi, mu ntara ya Kirundo.
MUGISHA Van Naris