IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo: Gerenade zibiri n’ibindi bikoresho vya gisirikare vyatowe

Kirundo: Gerenade zibiri n’ibindi bikoresho vya gisirikare vyatowe

lundi 11 Nyakanga 2017

Gerenade zibiri za mbere zatowe n’abanyagihugu kuri uno w’Imana igenekerezo rya 10 Nyakanga 2017 mu kazu ka surwumwe ku mutumba Rubuga,komine Bugabira, intara ya Kirundo, mu rugo rwa MUNYEMANA Laurent w’imyaka 35 y’amavuko.

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko, izo gerenade zatowe isaha zitatu z’igitondo zirenga gato ,biboneka ko zari zishaje zaciye zijanwa ku kirindiro c’abasirikare.

Igice ca kabiri c’ibikoresho vya gisirikare vyafashwe kuri un w’Imana nk’igihe c’isaha zitanu z’umutaga,inyuma y’igikorwa co gusaka cabereye ku rugo rwa Tharcisse YAMUREMYE,umusirikare yapfuye yari mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya.

Ibikoresho vyafashwe bigizwe n’ibikono bibikwamwo amasasu, amasasu amasahani ya gisirikare n’inkoni za gisirikare.

Amakuru ava mu giporisi amenyesha ko ivyafashwe vyaciye bijanwa muri komisariya ya komine Ntega.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.