Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Umugabo w’imyaka 55 yishwe acumiswe imbugita
 Kirundo : Umugabo w’imyaka 55 yishwe acumiswe imbugita
 Kirundo : Umugabo w’imyaka 55 yishwe acumiswe imbugita
				
				samedi 5 Myandagaro 2017, par
Uwo yishwe ni umugabo azwi kw’izina rya Mbonimpa Thomas w’imyaka 55 yishwe acumiswe imbugita kw’izosi n’umugizi wa nabi yamutegereye avuye mu bunywero, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, akaba ytegerewe atarashika muhira iwe.
Mbonimpa Thomas yagandaguwe yahora aba ku musozi Bugabira, mu ntara ya Kirundo.
Mu giporisi bamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira abajejwe umutekano bamenye uwakoze ubwo bwicanyi.
Egide NDUWIMANA

Messages
5 Myandagaro 2017, 19:47, par Francois
umutumba bugabira ntubaho tohoza neza mutubwire umutumba agacimbiri