IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Umuntu avuye mu Rwanda yafashwe ku mvo z’amatohoza

Kirundo : Umuntu avuye mu Rwanda yafashwe ku mvo z’amatohoza

jeudi 1er Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo yafashwe azwi kw’izina rya Ntunzwenimana Gilbert, akaba yafatiwe mu ntara ya Kirundo, ku rubibe rwa Gasenyi.

Uwo yafashwe avuye mu Rwanda avuka muri komine Bugabira intara ya Kirundo, akaba yari afise amafaranga agizwe n’inoti z’ijana agera ku muriyoni umwe n’ibihumbi amajana umunani, hamwe n’ayandi agera ku bihumbi amajana atanu na mirongo ine agizwe n’inoti z’ibihumbi cumi, nk’uko bimenyeshwa na Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi.

Uwafatanwe ayo mafaranga yemeza ko yayavunjishije i Nyabugogo mu gihugu c’Urwanda.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo muntu yafashwe ku mvo z’amatohoza.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • jewe ico mbona nuko bomugumya kugira bamubaza akazi ajejwe aha muburundi kotuma avunjisha inoti zijanajana nkizo zos ahubwo nkuy usanga ari muri bamwe bikika mukiza bago kwica umutekano wigihugu amahera nkayo ntagendanwa kirazir

  • Yayayaaaa biragiye kweriiiiiiiii!!!!! Agatima ariko.

  • None Murwanda Barafise Bank Isohor Inoti Zuburund Non Ho Komwamufashe Ayao Mafaranga Mwayamwatse Canke Mwamurets Arayashikana Mumuryang Mutohoz Mumenye Ukur Hama Muce Urubanza Rukwiy Ntimuc Rwangond Gond Kand Mugasang Arukuri Mumuh Iyonoti Yiwe Ayikoreshe Umugambi Ateze Imbere Umuryang Ndetse Nigihugu Murakoz

  • Muratohoz Neza Ko Arutwo Yikorere Mumusubize Utwiwe.Musanz Aramibano Asubizw Banyeneyo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.