IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kofi Annan ashobora kuba umuhuza mu bibazo vya poritike muri (...)

Kofi Annan ashobora kuba umuhuza mu bibazo vya poritike muri Congo

mercredi 12 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Kofi Annan yahoze ari Umunyamabanga Mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, aravugwa cane nk’uwushobora kuzoba umuhuza mu biganiro vy’ukurondera amahoro muri Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Kofi Annan niwe avugwa ko ashobora guhabwa uguhuza umukuru w’igihugu Joseph Kabila n’abadashigikiye ko yigumiza ku butegetsi.

Ico gikorwa c’ubuhuza cahorana Edem Kodjo, ariko ibiganiro yatunganije bikaba vyatewe ivyatsi n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi barimwo Étienne Tshisekedi na Moïse Katumbi banse kuvyitaba.

JPEG - 987.3 ko
Kofi Annan yahoze ari Umunyamabanga Mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi batangaje ko Kodjo yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Togo, ahengamiye ku ruhande rwa Kabila.

Uretse abatavuga rumwe n’ubutegetsi, na Ekereziya Gatorika nayo yarahagaritse kwitaba ivyo biganiro.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bifuza ko Kodjo yosubirizwa muri ayo mabanga, izina ry’uwushobora kumusubirira akaba ari irya Kofi Annan, asanzwe ashigikiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’abatavuga rumwe na Kabila.

Joseph Kabila yagiye ku butegetsi mu mwaka w’2001, bikaba bitegekanijwe ko ibiringo vyiwe bibiri yemerewe n’ibwirizwa shingiro bihera kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2016, ariko bikagaragara ko azobandanya gutwara ico gihugu gushika amatora abaye, ivyo abatavuga rumwe nawe biyamiriza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.