IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Liberiya: Georges Weah, yahoze ari rurangiranwa mumupira w’amaguru, yatowe (...)

Liberiya: Georges Weah, yahoze ari rurangiranwa mumupira w’amaguru, yatowe kuba umukuru w’igihugu

Friday 29 December 2017, by Jean De Dieu

Inyuma yo gutsindwa incuro zibiri zose mu matora (2005 na 20011), uwigeze gutwara umupira w’inzahabu mu mupira w’amaguru, akaba ari nawe mukinyi wenyene akomoka muri afrika amaze gutahukana ako gashimwe, Georges Weah agiye gusubirira Ellen Johnson Sirleaf yigeze gutwara agashimwe ka Prix Nobel y’amahoro, akaba n’umukenyezi wambere yatowe nk’umukuru w’igihugu muri Afrika, akaba yaramaze imyaka 12 ku butegetsi.

Georges Weah yatanguje umugambwe wiwe mumwaka wa 2004 aca yitoza kukibanza c’umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2005.Naho atagize amahigwe yo gutogwa , iyinjira ryiwe muri Politike ryaratumye ubwoba abari kubutegetsi, akaba yaranatewe n’ubwoba ko ashobora kugandaguwa.

Ku myaka yiwe 51, uwahoze ari rurangiranwa mumupira w’amaguru akinira umugwi wa Paris Saint Germain afatwa nk’umunya Liberiya azwi cane mumakungu.


Pacifique BUKURU

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.