IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Libiya : Abimukira 100 bivugwa ko boba batwawe mw’ibahari ya (...)

Libiya : Abimukira 100 bivugwa ko boba batwawe mw’ibahari ya Méditerranée

Friday 29 June 2018, by vianney

Amakuru dukesha iradiyo BBC avuga ko umukozi akora igikorwa co kurerekera abajabukira ku nkengera yavuze ko abantu bashika 14 aribo bashoboye gutabagwa.

Ayo makuru abandanya avuga ko ubwato barimwo bwari mu mazi y’imikuba myinshi mu karere kari mu buseruko bw’umugwa mukuru Tripoli.

Ivyo vyashitse mu gihe ibihugu vyo k’umugabane wa Buraya bemeranije inyuma y’ibiganiro vyabahuje ko bagiye gutunganya ibigo vyo kwakira abarondera ubuhungiro mu bihugu vyabo.

Abimukira benshi bava k’umugabane wa Afirika no mu yindi mihingo basanzwe baca mu gihugu ca Libiya bari mu bwato bwuzuye mu nyuma akarengerwa bariko bagana Uburayi.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.