IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libiya : Amnesty International yagiriza ibihugu vya Buraya kugira uruhara (...)

Libiya : Amnesty International yagiriza ibihugu vya Buraya kugira uruhara mu bikorerwa impunzi

mardi 12 décembre 2017

Amnesty International ivuga ko ibi rivyemeza kubera izo Reta zifasha abacunga inkengera z’ibiyaga biri mu gihugu ca Libiya n’abayobozi vy’ibigo izo mpunzi zipfungiwemwo.

Iirahamwe Amnesty International ryagiriza kandi bamwe mu bacunga inkengera z’ibiyaga mu gihugu ca Libiya gukorana n’abacuruza abantu.

Naho bimeze ukwo, ishirahamwe Amnesty International rivuga ko amategeko ku mugabane wa Buraya afise intumbero yo gufuta inzira zose zica mu gihugu ca Libiya zija i Buraya, abahunga bacamwo kandi zitemewe n’amategeko.

Benshi mu mpunzi ziri muri Libiya barasinzikarizwa ubuzima,bagahohoterwa , bagakoreshwa kandi mu bikorwa ku nguvu n’abarwanyi, ari nabo bacunga ibibanza vyinshi bapfungiwemwo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.