IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libiya: Sentare Mpuzamakungu y’i La Haye yasavye ko umuhungu wa Gaddafi (...)

Libiya: Sentare Mpuzamakungu y’i La Haye yasavye ko umuhungu wa Gaddafi ahagarikwa

jeudi 15 Ruheshi 2017

Saif al-Islam Gaddafi yagirizwa kuba yaragize uruhara mu bikorwa bisinzikaza agateka ka zina muntu,mu gihe haba umutekano muke mu gihugu ca Libiya mu mwaka wa 2011.

Naho yapfunguwe, ntawuzi aho Saif al-Islam Gaddafi ari muri iki gihe,kandi Sentare Mpuzamakungu isaba ko ahagarikwa,mu gihe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritigeze rishigikira irekurwa ryiwe.

Saif al-Islam yakuwe kuwa gatanu igenekerezo rya 9 Ruheshi 2017 kw’itegeko ritanga ikigongwe,inyuma y’imyaka 6 yari amaze apfunzwe,ariko hari ubwoba ko irekurwa ryiwe rishobora gutuma umutekano muke mu gihugu.

Umushikirizamanza mukuru wa Sentare Mpuzamakungu,Fatou Bensouda,yamenyesheje ko ibiro vyiwe bikiriko biragira amatohoza kw’irekurwa rya Saif al-Islam Gaddafi ,arika akaba yasavye Libiya n’ibindi bihugu kumuhagarika.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.