IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba : Izindi nkoho zitatu zafashwe

Makamba : Izindi nkoho zitatu zafashwe

dimanche 2 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko cafashe izindi nkoho zitatu, ziri kumwe n’ibikono vy’amasasu (Chargeurs) cumi, hamwe n’amasasu 289. Ivyo birwanisho vyafatiwe i Buheka muri Nyanza-Lac, mu ntara ya Makamba.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga ko inyuma y’ifatwa ry’ivyo birwanisho kuri uwu wa gatandatu, abantu batatu aribo baciye bahagarikwa ku mvo z’amatohoza.

Izo nkoho zifashwe kandi inyuma y’izindi zine zo mu bwoko bwa Kalachnikov, ibikono (Chargeurs) bitanu vy’amasasu, amasasu agera ku 264 hamwe n’imiti vyafatiwe aho nyene muri Nyanza-Lac, intara ya Makamba. Mu giporisi bavuga ko abazifatanwe ari "abasuma" bane harimwo umugore umwe, aho akaba ari mu gihe amakuru ava aho mu ntara ya Makamba avuga ko bari abarwanyi binjiye ku butaka bw’Uburundi.

Abo bane bafatanwe izo nkoho z’ubwa mbere barakuwe i makamba, bakaba bafungiwe mw’igendereza i Bujumbura, aho mbere bivugwa ko basinzikarijwe ubuzima, ariko mu giporisi bakaba batemeza ayo makuru.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.