IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubusaza > Mexique : Umukenyezi yatanguye amashure yisumbuye ku myaka 96

Mexique : Umukenyezi yatanguye amashure yisumbuye ku myaka 96

dimanche 29 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’ugutangura ayo mashure yisumbuye, umukenyezi Guadalupe Palacios yavuze ati : "Numva niteguye gutanga ivyanje vyose, uyu munsi ni umunsi w’intaraboneka kuri jewe”.

Ku munsi wa mbere yatonda kw’ishure riri i chiapas mu bumanuko bw’igihugu Mexique, "Doña Lupita", nk’uko bamutazira ako kazina k’ubuhizi, yakiranywe igishika kuri iryo shure. Yarashitse aricara arandika mu makaye ivyirwa vyariko biratangwa, ivyitwa "Mathematique" na "Chimie". No mu cirwa co gutamba intambo z’akaranga ko muri ako karere ntiyasigaye inyuma.

Uwo mupfasoni Guadalupe yakuriye mu bukene, mu gasagara atako kifashe, amara ubuto bwiwe afasha umuryango wiwe kurima ibigori n’ibiharage hakuja kwishure.

Yarahavuye rero aratera imbere aba umudandazakazi w’inkoko kw’isoko ryo muri ako gasagara yabamwo. Mu nyuma yaragize ubugeni, araronka n’abana batandatu.

Mu 2015 yarinjiye mu mashure mato, ariko yiga mu gisata c’abiga banyarutsa ico bita mu gifaransa "Programme en accéléré".

Umwanya wose yamaze muri ico gisata, umupfasoni "Doña Lupita" w’imyaka 96 yaguma avuga ko yipfuza kurangiza amashure yiwe yisumburye imbere y’uko akwiza imyaka 100. Mu migambi ya kazoza, uwo mutamakazi amenyesha ko yipfuza kuba umwigisha w’abana mw’ishure ryibanze cane amwe bita mu gifaransa "Crèche".


Ornella DUSHIME

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.