IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Abagirizwa kwica abaporisi 13 baciriwe igihano c’ugupfa

Misiri : Abagirizwa kwica abaporisi 13 baciriwe igihano c’ugupfa

mardi 25 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubutungane bwa Misiri bwaciriye urubanza rw’ugupfa abantu 20 bagirijwe ko aribo bishe abaporisi 13, mu ntureka zakurikiye ikurwa ku butegetsi rya Mohamed Morsi mu mwaka w’2013.

Nk’uko vyashikirijwe n’ubutungane, abo bantu bagirizwa ko bishe abo baporisi kw’igenekerezo rya 14 Myandagaro 2013, aho ikirindiro c’igiporisi co muri Kayiro caterwa, abaporisi bagera kuri 13 baricwa.

Iyicwa ry’abo baporisi ryaje rikurikira urupfu rw’abantu 700 bari mu myiyerekano, barashwe n’abajejwe umutekano, mu myiyerekano w’ugusaba ikurwa ku butegetsi ry’umukuru w’igihugu Mohamed Morsi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.