IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Général Adel Ragai yagandaguwe

Misiri : Général Adel Ragai yagandaguwe

lundi 24 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Intwazangabo yo kw’ipete rya Général mu gisirikare ca Misiri yagandaguwe arashwe hafi y’urugo rwiwe, mu buseruko bw’umurwa mukuru Kayiro, kuri uwu wa gatandatu.

Abategetsi ba Misiri batangaje ko iyo ntwazangabo yishwe yitwa Brigadier Général Adel Ragai, bakamenyesha kandi ko yari arongoye ikambi ya gisirikare mu burengero bwa Kayiro.

Ico yazize ntikiramenyekana, ariko akagwi gato k’abarwanyi kitaziriye Liwa al-Thawra niko kashikirije ko kamugandaguye, mu butumwa katanze bwa Twitter, nk’uko tubikesha VOA.

Ubwo bwicanyi bubaye mu gihe mu buraruko bw’akarere ka Sinayi hamaze igihe hakorwa uruhigi n’ibitero vy’indege birondera imirwi y’abarwanyi yama yahungabanije umutekano muri ako karere.


IGIHE

Messages

  • iyinkuru ntacimariye abarundi, kuki mutadushiriyeko ivyavuzwe numukuruwigihugu wa CHADE Idriss Debt? igihe yavugira kumugaragaro ko abanzungu kwaribo bariko baratezumutekano muke muburundi, iyaba arumuntu yavuze arwanya reta wumuzungu mubamwarabishizeko kare!. nimudushirireko ivyavuzwe nuryamutegetsi muzebamukoze kuko birahumuriza. biri kukinyamakuru bishasha com

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.