IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muramvya : Abantu babiri bapfuye bakubiswe n’inkuba mu mvura

Muramvya : Abantu babiri bapfuye bakubiswe n’inkuba mu mvura

lundi 13 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Imvura nyinshi yaguye mu ntara ya Muramvya kuri uwu wa gatandatu yahitanye abantu babiri, abandi bagera kuri batatu barakomereka bakubiswe n’inkuba.

Ivyo bibaye inyuma y’iminsi ibiri gusa iyindi mvura y’igihuhusi ivanze n’umuyaga iguye muri iyo ntara nyene ya Muramvya muri komine Kiganda na Rutegema, ikaba yahitanye ibitari bike, n’abanyeshure barahakomerekera.

Muri iyo mvura, abanyeshure bane bo kw’ishure ry’imyuga rya ETS Kiganda bakomeretse, amabati y’amashure nayo araguruka, hamwe n’intsinga z’amatara zononekaye.


IGIHE

Messages

  • Imana ibakire kandi ndahojeje imiryango yabuze. Ariko DD system yazanye umuvumo mugihugu cacu!!! Sebuja akwiye gukinjura vyihuta kuko ariko azana umukoshi kugihugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.