IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muramvya : Babiri bahagatitswe bagirizwa kwiyandikishiriza aho batavuka (...)

Muramvya : Babiri bahagatitswe bagirizwa kwiyandikishiriza aho batavuka kandi bataba

lundi 12 février 2018

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko abo bagabo babiri ari MANIRAKIZA Gregoire yavukiye ku mutumba Rusave, Komine Rango, intara ya Kayanza na BIGIRIMANA Tharcisse yavukiye ku mutumba Mutoyi, komine Bugendana ,intara ya Gitega bose baba ku murwa mukuru w’intara ya Muramvya.

Ayo makuru amenyesha ko abo bagabo babiri bafashwe nk’igihe c’isaha icumi n’imwe z’umugoroba kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2018,bariko biyandikishiriza aho batavuka, kandi atari naho basanzwe baba.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko abo bagabo bari mu minwe y’inyamiramabi I Mbuye, mu ntara ya Muramvya, amatohoza ya mbere akaba yatanguye.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.