IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga: Abajejwe umutekano bazindukiye mu gikorwa co gusaka

Musaga: Abajejwe umutekano bazindukiye mu gikorwa co gusaka

lundi 20 Ruhuhuma 2017

Kuva mu bucagucagu bwo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 20 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, abajejwe umutekano bakoze igikorwa co gusaka muri quartier ya Gasekebuye ,iri muri zone Musaga ya Komine Muha,mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru ava aho mu Gasekebuye amenyesha ko kuva isaha icumi n’imwe zo mu gatondo, ata muntu yari arekuriwe gusohoka canke kwinjira muri iyo quartier,kuko yari ikikujwe n’abajejwe umutekano.

Ayo makuru nyene amenyeshako hari hugaye kuva kw’ibarabara rya mbere rya zone Musaga, gushika kw’ikambi y’abasirikare Camp Muha.

Gushika ubu, ivyafashwe canke abafashwe ntibaramenyekana, ariko ni inkuru tubandanya kubatohoreza.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.