Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga: Abajejwe umutekano bazindukiye mu gikorwa co gusaka
Musaga: Abajejwe umutekano bazindukiye mu gikorwa co gusaka
lundi 20 Ruhuhuma 2017
Kuva mu bucagucagu bwo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 20 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, abajejwe umutekano bakoze igikorwa co gusaka muri quartier ya Gasekebuye ,iri muri zone Musaga ya Komine Muha,mu gisagara ca Bujumbura.
Amakuru ava aho mu Gasekebuye amenyesha ko kuva isaha icumi n’imwe zo mu gatondo, ata muntu yari arekuriwe gusohoka canke kwinjira muri iyo quartier,kuko yari ikikujwe n’abajejwe umutekano.
Ayo makuru nyene amenyeshako hari hugaye kuva kw’ibarabara rya mbere rya zone Musaga, gushika kw’ikambi y’abasirikare Camp Muha.
Gushika ubu, ivyafashwe canke abafashwe ntibaramenyekana, ariko ni inkuru tubandanya kubatohoreza.
IGIHE