IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga : Abantu batatu bahitanwe n’igisasu abandi babiri barakomereka

Musaga : Abantu batatu bahitanwe n’igisasu abandi babiri barakomereka

jeudi 18 Rusama 2017

Amakuru ava aho ku Musaga amenyesha ko ico gitero cabereye muri quartier ya Gikoto cakomerekeje kandi abandi bantu babiri, kandi bose bikavugwa ko ari Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD.

Mu bajejwe umutekano aho muri zone ya Musaga bamenyesha ko uwateye iyo grenade ataramenyekana ariko ko amatohoza yamaze gutangura.

Hari haheze iminsi itari mike ibitero nkivyo bitaba, ariko mu minsi iheze,ibitero vy’ama grenade vyaribonekeje muri zone ya Kamenge iri mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Abajejwe umutekano benshi bazindukiye ahabereye ubwo bwicanyi.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.