Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga : Gerenade yatewe ku kirindiro c’igiporisi
 Musaga : Gerenade yatewe ku kirindiro c’igiporisi
 Musaga : Gerenade yatewe ku kirindiro c’igiporisi
				
				lundi 19 février 2018
Amakuru ava aho ku Musaga amenyesha ko iyo gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zine n’igice z’ijoro n’abantu bataramenyekana, ariko ikaba ataco yononye.
Ayo makuru nyene amenyesha ko inyuma yahoo gato, iyo gerenade ihejeje guterwa, abantu batari bake bahavuye bahagarikwa n’abajejwe umutekano, ku mvo z’amatohoza.
Inyuma y’amasaha makeya bibaye, amakuru ava aho ku Musaga amenyesha ko hoba hazindukiye ibikorwa vyo gusaka, muri zone ya Musaga.
MUGISHA Van Naris

Messages
19 février 2018, 21:11, par NKURUNZIZA CHARLES
TWOSABA ABA BIKORA BAHAGARIKE UBU BISHA BIHITANA INZIRAKARENGANE NYISHI ZIZIRA UBUSA