Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga : Umuntu umwe yishwe, abandi icenda barakomereka
Musaga : Umuntu umwe yishwe, abandi icenda barakomereka
jeudi 15 Ruheshi 2017, par
Uwo yishwe yahitanwe na Gerenade yatewe n’umuntu ataramenyekana, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo ine, ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu.
Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko uwo yishwe ari uwahora yunguruza umuduga (Chauffeur), agashikiriza kandi ko muri ico gitero ca Gerenade, abandi bantu icenda bakomeretse.
- Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
Uwateye iyo Gerenade ntaramenyekana.
Egide NDUWIMANA