Accueil > Amakuru > umutekano > Mutakura : Amabarabara atatu yasatswe n’igiporisi
 Mutakura : Amabarabara atatu yasatswe n’igiporisi
 Mutakura : Amabarabara atatu yasatswe n’igiporisi
				
				mardi 11 Mukakaro 2017, par
Amabarabara atatu, irya 5, irya 6 hamwe n’iry’indwi niyo yari yugawe, kuva isaha cumi z’agatondo akaba ata wasohoka canke yinjire.
Nk’uko bivugwa n’abanyagihugu bo kuri ayo mabarabara, abaporisi bariko barondera abatagira indangamuntu, hamwe n’abatanditswe mu makaye y’ingo.
Abantu babiri batari banditswe mw’ikaye y’urugo nibo bahagaritswe, ariko bakaba bahavuye barekurwa, babifashijwemwo n’abajejwe intwaro bemereye abaporisi ko bazi abo bantu.
Ico gikorwa c’ugusaka kikaba caheze nk’igihe c’isaha zibiri z’agatondo.
IGIHE
