IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muyinga : " Ikambi ya Mukoni yatewe

Muyinga : " Ikambi ya Mukoni yatewe

mardi 24 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Ikambi ya Mukoni iri mu ntara ya Muyinga yatewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere n’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana, nk’uko vyemezwa n’abajejwe umutekano muri iyo ntara.

Amasasu yatanguye kwumvikana nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, mu micungararo y’iyo kambi. Ivyononekaye muri ayo masasu yamaze nk’isaha imwe ntibiramenyekana.

Ariko abantu batatu bakekwa ko bari muri uwo murwi w’abateye ikambi bafashwe, hamwe n’inkoho zitatu nazo nyene zafashwe.

JPEG - 53.5 ko
Batatu bafashwe bagirizwa ko bari kumwe n’abateye ikambi ya Mukoni

Mu ngo z’abanyagihugu zegereye ahari iyo kambi, abajejwe umutekano bazindutse barasaka mu banyagihugu, barondera abadakwije ivyangombwa.

Mu makaritiye yandi, ubuzima bwabandanije mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, aho abanyeshure n’abakozi bariko baja ku mirimo yabo ya minsi yose, nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu bo muri iyo ntara ya Muyinga.

Igisirikare c’Uburundi kikaba catunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, igihe c’isaha zine, kugira batange umuco kuvyabaye i Muyinga. Turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.


IGIHE

Messages

  • In Burundi I think government are not carrying for the community how those can attack military camp?

  • Nibakubit iyomihimbiri bagomba kudusubiza mukaga turacariho nabandikiy biyumvira gutyo nibateshebate

  • uburundi nigihugu cihagaze abakiyumvira nibate bateshwe mutama turamushigikiye too

  • None nimutubwire ivyonekariye murico gitero mbe abafashwe bisiguye gute ko arabagwanyi canke arabasuma dutohoreze iyo nkuru tumenye ido nindo?

  • TUGIRE IRWANO YINZARA TWONGERE TUGIRE IYAMASASE ABANTU BAHORA BAHUNGA INZARA NONUBUHO BACUMVA AMASASE BIZOGENDA GUTE. NIVYAHUHA BIGIYE GUHUHUKA ESE BOTUREKA TUKIRWANIRA ,NINZARA IBISIGAYE IMANA IRABIBONA

  • Ntakambi yatew barabasuma baje kwiba baca barabafata

  • Yaco mubehera abo ba Chechk,ngo bateye camp militaire !hhaahh turabazi sha ni Mchezo wa ndani

  • Dukore Kwicwa N’inzara,amasasu Ngo Nababonye?Haha!

  • Abajejwe umutekano mwicare mwagavye guko si bose bakunda umukuru w igihugu cacu,benshi bagenda hanze y igihugu ngo barahunze nibo batukisha igihugu cacu basiga bawucanye batari buwote .ndahanura abarundi bene wacu,birinde kubeshwa ngo bisuke mu tudumbidumbi twa bitwaje ibigwanisho ngo badurumbany umutekano guko ata mushinge bigifise ntaho bazoshika bazogwa mu nzira.

  • ABO NUKWITWENGA NABATAGIRIZWA NKIVYO BARAFATWA NKANABISHWE; EMWE NIBAKOMEZE NZOBA NDUMVA ECT-

  • Ibi ntivyumvikana Kabisa ?gira matohoza kugirahamenyekane ababatumye?

  • abo bagwanyi mwafashe mbona mwiheze kabisa nimurabeneza amasu yanyu ntabona neze nimuje kubarondera ahabanyikiye abobatama nimubarekure

  • None Ubu Mumaze Gufata Bangahe?Ahubwo Nimubabaz Uwabatumye Kwari Mu Gihugu Cuburundi Canke Kari Mwabarya Bahunze Kera .

  • Abakina Ntibakine N,ankurunziza Kukoyabibonyebatarashika Kuko Iyomihimbiyafaswenibayice Ivyon,ivyabishuman,abambuziyamavugayooo?Imbwazirapfantizihona N,ibatinyinzego Turimasho Abandicivyontabwengebagirakuko Ahontibabonako Turimaso Jewenibabampendabamesebandajentaryamye Kudahanimbwabigwizimishega Komera Nyakwubahwa Hezagigwa Imanamurikumwe

  • Abakina Ntibakine N,ankurunziza Kukoyabibonyebatarashika Kuko Numutware Akundimana Iyomihimbiyafaswenibayice Ivyon,ivyabishuman,abambuziyamavugayooo?Imbwazirapfantizihona N,ibatinyinzego Turimasho Abandicivyontabwengebagirakuko Ahontibabonako Turimaso Jewenibabampendabamesebandajentaryamye Kudahanimbwabigwizimishega Komera Nyakwubahwa Hezagigwa Imanamurikumwe

  • KABISA NIHWEJE ABOBANTU SABAGWANYI NIBARABE BARONDERERE AHANDI

  • Abo Bantu Bakwiye Kubitohoza Neza Basanzarivyo Bace Babica Bashaka Kudusubiza Mwishamba Ntamitima Bafise Nibatureke Ninzara 6yoruhor Itwiyicire Nayo Uwukina Nankurunzinza Arapfuye Turamuhevye Urya Ni Mutama Wuburundi Nimana Yacu 2.Nibasoze Bigumw Iyo Nizara.

  • Warumong
    Banza Usubire mwishure kuko ivyo wandika ndibisomeka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.