IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mwaro-Ndava : Abantu 9 bakomeretse batemagujwe umupanga

Mwaro-Ndava : Abantu 9 bakomeretse batemagujwe umupanga

lundi 13 novembre 2017

Amakuru ava kuri uwo mutumba amenyesha ko abo bantu baciye kuri uwo mutumba nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro ryo kur’uyu w’Imana buca ari kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 13 Munyonyo 2017 bavuye ku mutumba Kaguhu.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abo bantu batamenyekanye, ariko ko hoba hari amwe mu makarata karangamuntu y’abari muri uwo murwi yatowe aho baciye bariko barava ku mutumba Matongo.

Musitanteri wa Komine NDAVA, yemeje ayo makuru, akaba yamenyesheje ko abantu batanu aribo bakomerekejwe n’abantu boba bari bavuye muri komine ya Giheta hakoreshejwe imipanga, hibwa n’ibikoresho vyinshi mu ngo zo ku mutumba Matongo, wa Komine Ndava, intara ya Mwaro.

Mu giporisi c’Uburundi twabarondeye, umuvugizi w’igiporisi atumenyesha ko baza kugira ico bavuze inyuma y’ibikorwa vyo kwugurura ihuriro rihuza abaporisi b’abakristo bava mu bihugu 13, ihuriro ryatanguye mu gisagara ca Bujumbura kuri uwu wa mbere.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.