Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Ngozi : Patiri Palémon Nkeshimana yashinguranywe iteka
 Ngozi : Patiri Palémon Nkeshimana yashinguranywe iteka
 Ngozi : Patiri Palémon Nkeshimana yashinguranywe iteka
				
				jeudi 11 janvier 2018
Patiri Palémon Nkeshimana yitavye Imana, inyuma y’isanganya ry’imodoka ryabaye ku mugoroba wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 6 Nzero 2018.
Patiri Palémon Nkeshimana yari azwi cane kuba ariwe yanditse indirimbo zikoreshwa muri Ekleziya katorika nka :’’Nje nishongora Mana yanje, nje kugukengurukira rwose ku vyiza wangiriye’’, n’indirimbo :’’ Nzokwama ninovora, nzokwama nikugura iyo mfungurwa yawe Yezu.’’ n’izindi.
Abegereye umuhisi Patiri Palémon Nkeshimana baremeza ko yari umupatiri wa Ekleziya katorika mu Burundi,agendera ibanga akaba kandi n’umwe mu ncabwenge.
Umuhuza w’abarundi Edourd NDUWIMANA nawe yari mu birori vyo gushingurana iteka Patiri Palémon Nkeshimana, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter avuga ati :’’Umuhuza w’abarundi Edourd NDUWIMANA nawe yari mu birori vyo gushingurana iteka Patiri Palémon Nkeshimana, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter avuga ati : Diyoseze ya Ngozi ihejeje kubura umupatiri abushitse,patiri Palémon. Yarizeye ukuzuka, Aaruhule amahoro. Ndishimira kuba namuherekeje gushika aho yashinguwe.’’
MUGISHA Van Naris

Messages
15 janvier 2018, 08:24, par KAYOBERA J.bosco
Imanaimwakirekuvy yayikoreye,nokuvyiza yakoreye Abachrist bokuriyo paroisse.
15 janvier 2018, 15:07, par Loui Michel Manirambona
Imana Niyakire Iyo Ntumwa Yayo Mubwami Bwayo Kandi Iyoparoice Imana Iyironse Iyindintumwa Ibikwiye Amen