Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeriya : Abantu 144 bari bagizwe imbohe muri Libiya batahukanwe
 Nigeriya : Abantu 144 bari bagizwe imbohe muri Libiya batahukanwe
 Nigeriya : Abantu 144 bari bagizwe imbohe muri Libiya batahukanwe
				
				mercredi 6 Kigarama 2017, par
Ku kibuga c’indege aho abo bantu bashikiye, bamenyesheje ko bahimbawe kugaruka mu gihugu cabo, bakongera bakavuga uko bari babayeho n’uko bakoreshwa.
“Ndahimbawe cane n’ukugaruka muhira, muri Libiya twari mu muriro. Nkeneye gutangura ubuzima bushasha mu gihugu iwacu.”, uwo ni Franklin, umwe mu batahukanywe.
Uwundi nawe aho yari ku murongo yaguma aninahaza Imana aho yari ari ku murongo arindiriye ko yandikwa
Omoburo nawe amenyesha ko yamaze amezi icenda yugaranywe imbere y’uko atahukanwa.
”Abanya Libiya badukoresha mu guterura ama bombe, amasoro, tukongera tugahamba ibiziga.”
Ubuserukizi bwa Nigeria muri Libiya bumenyesha ko abantu 2778 aribo bari mu makambi, kandi ko bagiye gutahukanwa.
Igihugu ca Nigeria ciyemeje gutahukana abantu 250 ku ndwi mu gisagara ca Lagos, aho bazoca bajanwa mu bisagara bari basanzwe babamwo, bongere baronswe amahera yo gushikayo.
Huguette NKURUNZIZA
