IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nyakabiga: Abajejwe umutekano bazindukiye mu gikorwa co gusaka

Nyakabiga: Abajejwe umutekano bazindukiye mu gikorwa co gusaka

vendredi 24 Ruhuhuma 2017

Abajejwe umutekano bazindukiye mu gikorwa co gusaka muri zone ya Nyakabiga, iri muri komine Mukaza,mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru ava aho mu Nyakabiga,amenyesha ko ico gikorwa catanguye kuva igihe c’isaha icumi n’imwe mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 24 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, muri quartier ya 2 mu Nyakabiga.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abajejwe umutekano bisunga ahanini kuraba amakaye y’imiryango, yandikwamwo ababa mu mazu atandukanye.

Gushika igihe c’isaha zibiri z’igitondo, ababa ngaho mu Nyakabiga batumenyesheje ko ata muntu yari bwafatwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.