IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nyakabiga : Abatanditswe mu makaye y’imiryango bahagaritswe

Nyakabiga : Abatanditswe mu makaye y’imiryango bahagaritswe

jeudi 11 Rusama 2017

Amakuru ava muri zone ya Nyakabiga kandi yemejwe n’abajejwe intwaro muri iyo zone, amenyesha ko abantu barenga gato 30 aribo bahagaritswe inyuma y’igikorwa co gusaka cakozwe n’igiporisi muri quartier ya gatatu ya Zone Nyakabiga.

Amakuru ava mu bajejwe umutekano muri zone ya Nyakabiga, amenyesha ko bakoze ibikorwa vyabo uko bisanzwe, kandi ko abahagaritswe bose bajanywe mu gasho ka zone ya Nyakabiga.

Kuva hatanguye kwibonekeza umutekano muke mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura, ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwafashe ingingo yo gutanga amakaye yo kwandikamwo ababa mu miryango hamwe n’ingenzi zibagendera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.