IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nyakabiga : Ikiziga c’umuporisi catowe ku nkengera z’uruzi Ntahangwa

Nyakabiga : Ikiziga c’umuporisi catowe ku nkengera z’uruzi Ntahangwa

lundi 11 juin 2018

Amakuru dukesha ababa muri zone Nyakabiga, amanyesha ko ico kiziga cabonywe n’abarengana mu gatondo ko kur’uno wa mbere igenekerezo rya 11 Ruheshi 2018, mu kibanza kiri ku nkengera z’uruzi Ntahangwa, mu ruhande rwa Zone Nyakabiga.

Ababa aho mu Nyakabiga bavuga ko uwo muporisi bari basanzwe bamuzi akorera muri komisariya y’igiporisi muri zone ya Buyenzi, komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura, ariko nabo batamenye icoba catumye yitaba Imana.

Ikiziga c’uwo muporisi kikaba caciye gitwarwa n’abajejwe umutekano giherekejwe na musitanteri wa komine Mukaza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.