Accueil > Amakuru > umutekano > Nyakabiga : Ikiziga c’umuporisi catowe ku nkengera z’uruzi Ntahangwa
Nyakabiga : Ikiziga c’umuporisi catowe ku nkengera z’uruzi Ntahangwa
lundi 11 juin 2018
Amakuru dukesha ababa muri zone Nyakabiga, amanyesha ko ico kiziga cabonywe n’abarengana mu gatondo ko kur’uno wa mbere igenekerezo rya 11 Ruheshi 2018, mu kibanza kiri ku nkengera z’uruzi Ntahangwa, mu ruhande rwa Zone Nyakabiga.
Ababa aho mu Nyakabiga bavuga ko uwo muporisi bari basanzwe bamuzi akorera muri komisariya y’igiporisi muri zone ya Buyenzi, komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura, ariko nabo batamenye icoba catumye yitaba Imana.
Ikiziga c’uwo muporisi kikaba caciye gitwarwa n’abajejwe umutekano giherekejwe na musitanteri wa komine Mukaza.
MUGISHA Van Naris