IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Makamba : Ubushikiranganji bw’intwaro bwasabiye umupasitori guhindurirwa aho (...)

Makamba : Ubushikiranganji bw’intwaro bwasabiye umupasitori guhindurirwa aho yakorera

samedi 11 novembre 2017

Mw’ikete ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ryandikiye ihengero rya Pentekoti i Nyanza-Lac, bumenyesha ko inyuma y’ingendo zakozwe n’umurwi wo mu bushikiranganji ujejwe kugenzura uko amashengero akora, bakisunga kandi amatohoza bakoze, basanze hakiri ukutumvikana mw’ishengero.

Muri iryo kete,ubushikiranganji bumenyesha ko kugira hagaruke umwumvikano muri iryo shengero,uwa mbere ategerezwa guhindurirwa aho akorera ari Pasitori Jonas NIYUNGEKO yahora mw’ishengero rya pentekoti i Nyanza-Lac.

Iryo kete risaba kandi uburongozi bw’ishengero pentekoti i Nyanza-Lac guhagarika mu mabanga Pasitori KAMEYA Enock,BUKURU Bruno, hamwe n’abavugabutumwa MACUMI Esperance na Jean Bosco NSENGIYUMVA,bose bagirizwa kugira uruhara mu kibazo c’ubugeni cadutse mw’ishengero hamwe no kudakurikirana neza ivy’ishengero.

Ubushikiranganji busaba ishengero rya pentekoti mu Burundi gufasha inshengero rya Pentekoti i Nyanza-Lac gushiraho umurwi nfatakibanza woba urarongora ishengero canke basabe ko batatu bakuze boba baratunganya ibikorwa vy’ishengero.

Muri iryo kete kandi ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu busaba ubuyobozi bw’ishengero rya pentekoti ku rwego rw’igihugu gufasha mw’ishirwa mu ngiro ry’ingingo zose zaba izo guhindurira aho bakorera canke guhagarika abapasitori bahora i Nyanza-Lac.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.