Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryamanyesheje ko ryatangajwe n’ingingo ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu bwafashe y’uguhagarika burundu ibikorwa vy’ishirahamwe LIGUE ITEKA. Reta y’Uburundi yasabwe na ONU ko yokwisubirako, iyo ngingo igafutwa.
Farhan Haq, icegera c’umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasavye ko n’ayandi mashirahamwe yigenga aharanira agateka ka zina muntu yafatiwe ingingo y’uguhagarikwa yosubizwa uburenganzira bw’ugukora.
Ishirahamwe LIGUE ITEKA ryari rimaze imyaka 26 rikorera mu gisata c’agateka ka zina muntu mu Burundi.
Imbere y’uko iyo ngingo y’uguhagarika ibikorwa vya LIGUE ITEKA ifatwa, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwari bwahagaritse vy’agateganyo iryo shirahamwe hamwe n’ayandi mashirahamwe ane adaharanira ivyicaro vya poritike. Muri ukwo guhagarikwa vy’agateganyo, ubwo bushikiranganji bwagirije LIGUE ITEKA ko ikorana n’abashaka guhungabanya umutekano w’Uburundi, nk’uko vyashikirijwe na Terence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.
Mu matohoza ubwo bushikiranganji buvuga ko bwakoze, bagirije LIGUE ITEKA ko yakoranye n’abanyamahanga mu gusohora icegeranyo kirimwo ivyo bita ibinyoma.
Icegeranyo casohowe n’ishirahamwe LIGUE ITEKA riri kumwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka ka zina muntu (FIDH : Fédération Internationale des Droits de l’Homme) kivuga ko mu ntureka za poritike igihugu c’Uburundi gihitiyemwo, abantu barenga igihumbi aribo bishwe, abandi amajana umunani baburirwa irengero. Ico cegeranyo kivuga ko atagikozwe ihonyabwoko rishobora gukorwa mu Burundi.
Ubuyobozi bwa LIGUE ITEKA bumenyesha ko iyo ngingo yafashwe ataco izohindura ku bikorwa vy’iryo shirahamwe, vy’ugushira ahabona ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi. Anschaire Nikoyagize, umukuru wa LIGUE ITEKA avuga iryo shirahamwe rifise abantu benshi bakorana naryo mu gihugu cose c’Uburundi.
Non Hariko Hakogwa Iki Kubwivyo Kugira Amakenga Ahere Kuri Bamwe?