IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : Kutemeza amasezerano ya EAC-EU EPA ntibisigura gushigikira (...)

PARCEM : Kutemeza amasezerano ya EAC-EU EPA ntibisigura gushigikira Uburundi

jeudi 25 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM avuga ko amasezerano y’ubudandaji hagati ya Afrika y’ubuseruko n’ubumwe bwa Buraya amaze guterwako umukono na Kenya, ataho ahuriye n’ibihano Uburundi bwafatiwe n’ubumwe bwa buraya. NDIKUMANA avuga ko abatarayaterako umukono kubera ibihano vyafatiwe Uburundi, ari icitwazo, ahubwo ko ari kubera badafise ivyo bodandaza muri ivyo bihugu vya buraya.

Kw’igenekerezo rya mbere 1 Nyakanga 2016, niho umushikiranganji ajejwe ubudandaji wa Kenya, ari kumwe n’uw’Urwanda, yashira umukono ku masezerano y’ubudandaji hagati ya Afrika y’ubuseruko n’ubumwe bwa Buraya (EAC-EU EPA). Ico gikorwa cabereye mu gihugu c’Ububirigi. Ibindi bihugu biri muri uwo muryango wa Afrika y’ubuseruko bivuga hakiri impungenge zituma ivyo bihugu bitaratera umukono kuri ayo masezerano, aho akaba ari mu gihe ari amasezerano ari aya EAC n’ibihugu vyose.

Ayo masezerano ategekanya uburyo bwo kwugurura imbibe ku bidandazwa, n’amakori agakurwa ku bidandazwa bimwe bimwe. Abakurikirana ivy’ubudandaji muri Afrika y’ubuseruko bavuga ko biboneka ko igihugu ca Kenya arico kibifisemwo inyungu nyinshi, kuko arico gifise ibidandazwa vyinshi kirungika mu bihugu vya Buraya.

Ibihugu vy’Uburundi, Uganda, hamwe na Tanzaniya bivuga ko ikibazo gikomeye gituma ayo masezerano ataraterwako umukono n’ivyo bihugu, ari ibihano ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryafatiye Uburundi. Abakuru b’ibihugu vya Uganda na Tanzaniya bakaba bamenyesheje mu nama igira iya 18 iheruka kubera i Dar-Es-Salaam ko bitumvikana ingene igihugu kimwe mu bigize uwo muryango cofatirwa ibihano, ibindi bihugu bitagishijwe inama.

Faustin NDIKUMANA, umukuru wa PARCEM asigura ko ico ari icitwazo. Ku bwiwe, iyo ibihugu vya Uganda na Tanzaniya biba bishaka gushigikira Uburundi, vyobufashije gukemura ibibazo bimwe bimwe vy’ubutunzi, nk’ubukene bw’igitoro, hamwe n’ubukene bw’amafaranga y’agaciro.

Inama y’abakuru b’ibihugu vya EAC yafashe ingingo ko amezi atandatu niyahera ivyo bibazo bitaratorerwa inyishu kuri ayo masezerano, abagize uwo muryango bazoca basubira gukorana, barabe namba ibihugu vyemeje ayo masezerano vyoyakoresha vyonyene, ababonamwo ibibazo nabo bakayareka.

JPEG - 63.8 ko
Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.