IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM isaba ko ubutungane bwofasha gukingira agateka ka zina (...)

PARCEM isaba ko ubutungane bwofasha gukingira agateka ka zina muntu

jeudi 28 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM avuga ko uwu mwaka woba uw’inguvu nshasha kugira hagire igihindutse mu gushikiriza ubutungane abanyagihugu, Reta ikabwirizwa gufata nka nkama ko agateka ka zina muntu ariyo ikabazwa.

Muri PARCEM basaba ko hotangwa inyigisho ku bajejwe intwaro kugira bamenye akarimbi kabo, kuko hariho abashaka gukora ivyo batarekuriwe bitwaje amabanga ya Reta bajejwe, bakabikora atacamira.

Faustin NDIKUMANA abandanya avuga ko abarenze amategeko bitwaje amabanga yabo ko bohanwa hisunzwe amategeko kandi ko ivyegeranyo bisohoka bivuga ibijanye n’agateka ka zina muntu ko igikuru kitoba kuvyiyamiriza, ariko ababijejwe boraba ivyavuzwemwo kuko ivyaha vyakozwe biba vyakozwe ata gihinduka gihaba.

Faustin NDIKUMANA avuga ati : «Ivyegeranyo bisohoka igikuru si ukuvyiyamiriza ariko ni ukuraba ibiba vyavuzemwo kuko ivyakozwe ari bibi biguma ari bibi, uwafashe ku nguvu aguma yitwa ko yafashe ku nguvu, ari uwishe aguma ari umwicanyi. Igihambaye ni ukumenya ukuri uwabikoze agahanwa. Nico gihambaye.»

JPEG - 35 ko
Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

PARCEM isaba ko hokwama haba umuco mu bikorwa vy’ubutungane, amabohero akagenderwa kugira uko abanyororo bafashwe bimenyekane.

Kugira igisata c’ubutungane gikore neza, Faustin NDIKUMANA asaba ko igiturire cotuzwa kugira bifashe ubutungane gukora neza, kuko, kubwa Faustin NDIKUMANA, aho igiturire ciraye agateka ka zina muntu kadashobora kugenda neza.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.