IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yashinguwe

Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yashinguwe

mardi 16 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Iyo misa yasomwe na Musenyeri Evariste NGOYAGOYE, umwungere wa Archidiocèse ya Bujumbura, ari kumwe na Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, umwungere wa Diocèse ya Muyinga, hamwe n’abandi basaseredoti basangiye ubutumwa na Patiri Adolphe NTAHONDEREYE kuri Paruwasi yitiriwe Umweranda François Xavier yo mu Gatumba, n’ahandi.

Umuryango w’uwo mukozi w’Imana nawo nyene wari muri iyo nkuka y’imia, aho twobabwira se wiwe, hamwe n’abakirisu bo kuri Paruwasi yo mu Gatumba yarangurirako ubutumwa.

Patiri Adolphe NTAHONDEREYE, umwe mu bantu bane bari banyurujwe n’abitwaje ibirwanisho kw’ibarabara Bujumbura - Gatumba yitavye Imana, inyuma y’iminsi cumi n’indwi yari iheze abari bamunyuruje bamurekuye.

Yari yafashwe kw’igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2017, mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cakozwe ku modoka barimwo yunguruza abantu ibavanye mu gisagara ca Bujumbura. Iyo modoka yarashwe igeze hafi y’urubibe rugabura karitiye ya Kajaga na karitiye ya Gatumba.

Muri Diyoseze nkuru ya Bujumbura bamenyesha ko bakiranye umubabaro ntangere urwo rupfu rwa Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yitavye Imana ahitanywe n’indwara yanyuwe n’uburuhe yagize ariko atwarwa muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, aho abamunyuruje bamutwaye, bongera bamugarukana n’amaguru umunsi arekurwa.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.