IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yanyurujwe

Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yanyurujwe

lundi 10 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu makuru twari twabashikirije mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, twari twabamenyesheje umuntu yanyurujwe mu Gatumba, mu gitero cakozwe ku modoka yunguruza abantu (Bus). Mu giporisi c’Uburundi bemeje ayo makuru, bamenyesha ko abanyurujwe ari abantu babiri.

"Hari abanyagihugu bari muri irya modoka barokotse, baje kubwira igiporisi ko hariho bagenzi babo baibiri batashoboye kuboneka. Abo nabo ni Patiri Adolphe NTAHONDEREYE asanzwe ari Patiri kuri Paroisse yo mu Gatumba, akaba yari avuye gusengesha mu Kinyinya (Kajaga), yari afise agasokoshi karimwo Bibiriya yari yakoresheje mu gusengesha.", uko niko OP1 Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi yabishikirije.

JPEG - 95.5 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Uwundi yanyurujwe muri ico gitero ni umutama azwi kw’izina rya Mathias, umuhumure azwi mu bacuraranga umuduri, akaba n’umuvyeyi w’abaririmvyi Alfred na Bernard bazwi cane mu ndirimbo "NKUNDA ABANTU".

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abo bantu babiri atawuzi irengero ryabo, ariko ko abajejwe umutekano babandanya ibikorwa vy’ukubarondera.

Abantu bitwaje inkoho barashe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana imodoka yo mu bwoko bwa "Bus" yunguruza abantu. Ico gitero kuri iyo modoka cabaye nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota 40, nk’uko abanyagihugu bo mu Gatumba babivuga.

Iyo modoka yarashwe igeze hafi y’urubibe rugabura karitiye ya Kajaga na karitiye ya Gatumba. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko bari abasuma bariko bagerageza kwibisha inkoho kuri abo bantu bariko biyunguruza muri iyo modoka.


IGIHE

Messages

  • Patiri Adolphe siwe ari patiri mukuru Mu Gatumba ariko niho asanzwe akorera ubutumwa. Patiri mukuru waho yitwa Jacques. Twizere ko ataco aba kuko uwo mupatiri ntaco yoba azira ikibanza ciwe yaramaze kukironka nta bindi bibanza aharanira muri politike canke ahandi. Nibamurekure abandanye ubutumwa bwiwe kandi ubu harakenewe abapatiri batanga amasakramentu ngo abakristu bitegurire neza Pasika.

  • Ndatangazwa n ukuntu umuvugizi w igipolisi yatanguye avuga ko muri iyo modoka ari abantu 2 gusa bakomeretse ko abajejwe umutekano batabaye. Mbega k uko ata rwiwe aba arimwo? Vyari kuba vyiza yihebeye kuririmba numvise ari umuhinga w umuziki nayo ivyo mu gipolisi bimutesha agaciro. Ese Imana yoduha amahoro nako twokwemera kuyakira ibi bintu bigahera!

  • Uraguhasha nimba arabasuma tuzobiraba, icotuzi ntamusuma anyuruzumuntu, ahubwo amutwara utwo yarafise gusa, mwene kwibwa akishogomangira amahoro. Wibuke nawewe kowarigisuma karuhariwe mugutegera imduga kumabarabara mufatanije na Nkurunziza Petero.

  • Mwambonerakure Mwe! Eee Mwihende Uwomukoziwimana Hagire Icomumugira Imanayo Ntishinyagurizwa Izobarandura.

  • None Nkabo Bantu Bose Ko Twumva Ari Inzirakarengane Babatwariye Iki?Imana Ibaje Imbere Knd Iharire Ababikoze.

  • @Ntamahungiro impene(Wakera).uri imbwa 100/100. Numurizo ubanza uwufise.

  • Nukubera Ubukene Kandi Abandi Batunz.Uwo Usavy Ntaguha Nubwo Uba Uri Mungorane.Nukuri Dufash Natw Turacrundi Nkamwe

  • Izo mbonerakure nizirekure uwo mukozi w’Imana! Ziragisibije mubice vya Kajaga, jewe natevye ndahahunga aho mboneye zitegereye Sebuja ambassadeur zikamurasa kubera yari aziheraniye amafaranga yo kuzihemba kumabi zama zikorera abarundi!

  • None Nubu Nkurikiye? Wemeza Koo? Arutugwi Twimihimbir Batanguy Kunyuruz Abantu Uyo Mupatir Imana Imurinde.Nay Weh Ivyaw Biramenyerewe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.