IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > We n’ibikorwa vyiwe > Prix Nobel : Umwanditsi Kazuo Ishiguro yahawe agashimwe ku gitabo ’’Les (...)

Prix Nobel : Umwanditsi Kazuo Ishiguro yahawe agashimwe ku gitabo ’’Les vestiges du jour’’

jeudi 5 Gitugutu 2017

Ico gitabo catumye uwo mugabo w’imyaka 62 y’amavuko ahabwa ako gashimwe kitiriwe Nobel citwa "The remains of the day" ("Les vestiges du jour"), cagiye ahabona mu mwaka w’1989 ibicanditswemwo bica bikinwa mw’ireresi inyuma y’imyaka ine.

Kazuo Ishiguro yahawe agashimwe ka Nobel n’amafaranga imiriyoni 9 z’amafaranga akoreshwa mu gihugu ca Suwede, akaba angana n’ibihumbi 940 vy’amafaranga y’abanyaburaya.

JPEG - 2.8 Mo
Umwanditsi Kazuo Ishiguro

Umwanditsi Kazuo Ishiguro abaye uwugira 29 ava mu gihugu kivuga ururimi rw’icongereza aronse ako gashimwe kitiriwe Nobel mu kwandika, mu gihe gushika ubu abanditsi bava mu bihugu bivuga igifaransa bamaze kuronka ako gashimwe ari 14 gusa.

Kazuo Ishiguro akurikiye umunyamerika w’umuririmvyi akaba n’umwanditsi w’ivyese Bob Dylan yahawe ako gashimwe mu mwaka wa 2016.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.