Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Abantu 32 bapfuye bahitanywe n’umwuzurira
 RDC : Abantu 32 bapfuye bahitanywe n’umwuzurira
 RDC : Abantu 32 bapfuye bahitanywe n’umwuzurira
				
				vendredi 5 janvier 2018
Amakuru ashikirizwa avuga ko benshi mu bapfuye ari abantu baba mu bice vya Limete,Ngaliema,Bandalungwa hamwe na Selembao hasanzwe hari ivu ryoroshe cane.
Umushikiranganji wo mu ntara ya Kinshasha ajejwe amagara y’abantu hamwe n’imibano, Dominique Weloli yamenyesheje ko muri abo bapfuye harimwo abana 3 basomye nturi mu gace ka Ngaliema kabangamiwe n’iyo mvura gusumba ibindi bice.
Tubibutseko buri mwaka mu gihe c’imvura imyuzure yama yahitanye ubuzima bw’abantu batari bake aho mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
BIKORIMANA Vianney
