IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abarwanyi 200 ba M23 binjiye mu gihugu bavuye mu Buganda

RDC: Abarwanyi 200 ba M23 binjiye mu gihugu bavuye mu Buganda

lundi 16 Nzero 2017

Abategetsi b’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bamenyesheje kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 15 Nzero 2017,ko hari abarwanyi bashika 200 b’umuhari M23 binjiye ku butaka bwa Kongo bavuye mu gihugu c’Ubuganda.

Lambert Mende, umuvugizi wa Reta ya Kongo yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP, ko abo barwanyi binjiriye mu gace ka Ishasha, ku birometero 155 mu buraruko bushira ubuseruko bwa Goma, umurwa mukuru wa kivu y’Uburaruko.

Lambert Mende avuga ko ababazwa n’ukubona igihugu kibanyi c’Ubuganda cararetse abantu bari mu makambi y’impunzi bakinjira k’ubutaka bwa Kongo bitwaje ibirwanisho.

Yongeyeko kandi ko abasirikare ba b’igihugu ca Repubika iharanira intwaro rusangi ya Kongo batanguye gutana mu mitwe nabo, kuko Reta yiwe itazokwihanganira abitwaje ibirwanisho binjira k’ubutaka bwa Kongo batabifitiye uburenganzira.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.