Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abasenyeri katolika bamenyesha ko hari abadashaka amatora
 RDC: Abasenyeri katolika bamenyesha ko hari abadashaka amatora
 RDC: Abasenyeri katolika bamenyesha ko hari abadashaka amatora
				
				mercredi 1er Ntwarante 2017
Umurwi w’abasenyeri bo mw’ishengero katolika mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo wafashije mu biganiro umenyesha ko ukutumvikana kuri mu gihugu, kuva ku badashaka ko haba amatora.
Umuvugizi w’uwo murwi Patiri Donatien Nshole yavuze ko ibitero bimaze iminsi bigirwa ku mashengero y’idini rya katolika bigirwa kandi bigategurwa n’abadashaka ko umugambi w’amahoro utera imbere.
Patiri Donatien Nshole yavuze ko abanyagihugu muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo barindiranye igishika abarongozi bavuye mu matora atunganijwe neza.
Patiri Donatien Nshole yavuze ko ibiba mu gihugu ababigira babigira babibona kugira batevye amatora.
IGIHE
