IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > RDC : HCR ihagaritswe umutima n’umutekano muke urangwa mu Buseruko

RDC : HCR ihagaritswe umutima n’umutekano muke urangwa mu Buseruko

mercredi 31 janvier 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko mu ndwi imwe, abarenga igihumbi n’amajana abiri bamaze gufata ubwato bahungira mu gihugu ca Tanzaniya, benshi muri bo bakaba ari abagore n’abana.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko abarenga ibihumbi indwi bamaze guhungira mu Burundi,bakaba bahunga intambara zihuza abasirikare ba Reta n’abarwanyi b’umurwi Mayi Mayi, mu buseruko bw’igihugu.

Mw’ishirahamwe HCR, bavuga ko abanyagihugu benshi bahunga igihugu, kuko abarwanyi babinjiza ku nguvu mu mirwi yabo.

Naho igisata c’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ikorera aho muri Kongo, MONUSCO,kirimwo abasirikare bashika ibihumbi 18, abarwanyi baramaze kubagirako ibitero.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.