IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > RDC:Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rifise impungenge ku mabi akorerwa (...)

RDC:Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rifise impungenge ku mabi akorerwa abanyagihugu

Tuesday 20 February 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko bamwe mu bantu bo mu ntara ya Tanganyika bavuga ko ingorane bahura nazo mu bwicanyi bubera aho basanzwe baba bibangamiye ubuzima bwabo.

Abo banyagihugu bo mu ntara ya Tanganyika bavuga ko zimwe mu ngorane bahura ari izijanye no kwicwa,kunyuruzwa hamwe no gufatwa ku nguvu.

Mu mezi ane aheze bivugwako abanyagihugu bashika 630 aribo bateshejwe izabo, ku banyagihugu imiriyoni 3.

Intambara z’urutavanako zarabaye muri ico gice c’igihugu ca Reta iharanaira intwaro rusangi ya Kongo, kuva mu ntango z’uyu mwaka wa 2018 hagati y’imirwi yitwaje ibirwanisho hamwe n’abasirikare b’ico gihugu.


BIKORIMANA Vianney

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.