Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Moise Katumbi amenyesha ko azokwitaba ibirori vyo gushingura Etienne (...)
 RDC: Moise Katumbi amenyesha ko azokwitaba ibirori vyo gushingura Etienne Tshisekedi
 RDC: Moise Katumbi amenyesha ko azokwitaba ibirori vyo gushingura Etienne Tshisekedi 
				
				samedi 11 Ruhuhuma 2017
Inyuma y’urupfu rwa Etienne Tshisekedi atavuga rumwe na Reta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Moise Katumbi uwundi munyapolitike atavuga rumwe na Reta, amenyesha ko azotahuka guherekeza Etienne Tshisekedi .
Naho biri ukwo , hari amakenga ko hamwe Moise Katumbi ytahuka mu gihugu ashobora guca afatwa agapfungwa ,kuko yaciriwe gupfungwa imyaka itatu.
Amahirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yamenyesheje ko urubanza rwaciriwe Moise Katumbi, ari urubanza rufise imvo za politike.
Gushika ubu umunsi wo gushingura Etienne Tshisekedi nturamenyekana.
IGIHE
