IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : OMS iragabisha ibihugu 9 bihana urubibe na Kongo ko bishobora (...)

RDC : OMS iragabisha ibihugu 9 bihana urubibe na Kongo ko bishobora gushikirwa na Ebola

vendredi 11 mai 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko OMS ivuga ko hakiri kare kugira ico kiza kibe cokwira hose mu karere, ariko bariteguye mu buryo bwose kandi ntibashobora kubifata minenerwe.

Abantu cumi n’umwe nibo bamaze kuboneka, bikekwa kuba baranduye mu ntara ya Equateur mu buraruko bushira uburengero bwa Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

Amakuru ya BBC, amenyesha ko ishirahamwe OMS ryizera ko abajejwe intwaro muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo bazokwemera ko hakoreshwa urucanco rukiriko rurageragezwa.

Mu mwaka wa 2014 abantu barenga ibihumbi cumi na kimwe barahitanywe n’ikiza ca Ebola mu burengero bwa Afrika.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.