IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Amatora azotegurwa nk’ayo mu Burundi mu bijanye n’uburyo

RDC : Amatora azotegurwa nk’ayo mu Burundi mu bijanye n’uburyo

mercredi 28 mars 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y ‘abongereza BBC, amenyesha ko Lambert Mende yavuze ko badandaza neza ubutare bwa cobalt, kandi ko badandaza neza ubutare bw’umujumbu.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko, umushikiranganji ajejwe kumenyesha amaku akaba n’umuvugizi wa Reta ya Kongo , yavuze ko ayo mafaranga ava mu butare azobafasha kwikura abashaka kugenzura amatora babicishije mu gutanga uburyo, kandi amatora asanzwe ari mu bwigenge bw’igihugu.

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, rivuga ko hakenewe amafaranga angana umuriyaridi umwe n’imiriyoni amajana indwi y’amadorari kugira hahagarikwe amabi akorerwa abanyagihugu muri Kongo.

Umukuru w’igihugu Joseph Kabila ari ku butegetsi kuva mu mwaka wa 2001, ikiringo ciwe ca nyuma kikaba caheze icese mu kwa cumi na kabiri umwaka wa 2016.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.