Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Umukuru w’igihugu yirukanye abacamanza barenga 250
RDC : Umukuru w’igihugu yirukanye abacamanza barenga 250
mardi 17 avril 2018
Umushikiranganji w’ubutungane muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, Alexis Thambwe Mwamba, niwe yatanze aya makuru ku mboneshakure y’igihugu.
Itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP, ryanditse rimenyesha ko, umukuru w’igihugu yirukanye abacamanza barenga 200 badakwije ibisabwa kugira bemere gukora nk’abacamanza.
Umushikiranganji Alexis Thambwe Mwamba, yavuze ko muri abo bacamanza 256, harimwo abahagaritswe canke bakirukanwa, abandi babiri batanga imihoho, umwe nawe arakukuruka.
Thambwe Mwamba yaneguye bamwe mu bacamanza, ko bafata kandi bagapfunga abantu kugira babakange canke babatere ubwoba,mu gihe baba bikekwa gukora ivyaha, mu ntumbero yo kubanyaga ivyabo.
Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, ifise abacamanza ibihumbi 4000, bakorera mu gihugu cose.
MUGISHA Van Naris