IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Umukuru w’igihugu yirukanye abacamanza barenga 250

RDC : Umukuru w’igihugu yirukanye abacamanza barenga 250

mardi 17 avril 2018

Umushikiranganji w’ubutungane muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, Alexis Thambwe Mwamba, niwe yatanze aya makuru ku mboneshakure y’igihugu.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP, ryanditse rimenyesha ko, umukuru w’igihugu yirukanye abacamanza barenga 200 badakwije ibisabwa kugira bemere gukora nk’abacamanza.

Umushikiranganji Alexis Thambwe Mwamba, yavuze ko muri abo bacamanza 256, harimwo abahagaritswe canke bakirukanwa, abandi babiri batanga imihoho, umwe nawe arakukuruka.

Thambwe Mwamba yaneguye bamwe mu bacamanza, ko bafata kandi bagapfunga abantu kugira babakange canke babatere ubwoba,mu gihe baba bikekwa gukora ivyaha, mu ntumbero yo kubanyaga ivyabo.

Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, ifise abacamanza ibihumbi 4000, bakorera mu gihugu cose.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.