IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Umutegetsi mu gisirikare yafatiwe ibihano na Amerika

RDC: Umutegetsi mu gisirikare yafatiwe ibihano na Amerika

vendredi 2 Ruheshi 2017

General Francois OLENGA yagirizwa ko ari kumwe n’urwego rucunga ubuzima bw’umukuru w’igihugu yagirizwa kugira uruhara mu bikorwa no mu migambi yo guhagarika intwaro rusangi mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.Yagirizwa kandi kuba mw’izina ry’umukuru w’igihugu yaragize uruhara mu bikorwa vyo guhohotera abatavugarumwe na Reta.

Mu bihano yafatiwe, harimwo kudasubira kurungikanira amafaranga n’abanyagihugu ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hamwe nuko ubutunzi bwiwe buri muma banki ari mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika afatwa.

John E. Smith umuyobozi w’ikigo gikukira igisata kijejwe ubutunzi muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ko guhana General Francois OLENGA ari ubutumwa bukomeye kugira bibutse ko ibikorwa vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu, no kubuza abanyagihugu gushikiriza ivyiyumviro bidashobora kwemerwa.

General Francois OLENGA afatiwe ibihano inyuma y’iminsi ine gusa abandi bategetsi ba Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo harimwo umushikiranganji wo kumenyesha amakuru bafatiwe ibihano.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.