IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Uwutavugarumwe na Reta Jean Pierre BEMBA yashitse mu gihugu (...)

RDC: Uwutavugarumwe na Reta Jean Pierre BEMBA yashitse mu gihugu ciwe

Wednesday 1 August 2018, by vianney

Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako Jean Pierre Bemba atahutse mu gihugu ciwe kugira atange ibisabwa kugira azokwitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora ategekanijwe mu mpera z’uyu mwaka wa 2018 ariko umugambwe uri k’ubutegetsi murico gihugu uza waramaze kuvuga ko Bemba adakwije ibisabwa kugira yitoze kuba umukuru w’igihugu, kubera yagirijwe ivyaha vyo mu ntambara na sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Jean Pierre BEMBA aheruka kwezwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha inyuma yo kwagirizwa ivyaha vyo mu ntambara vyakozwe n’umurwi wiwe w’abarwanyi akiganwa mw’ishamba.

Jean Pierre BEMBA yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu yaramaze imyaka 12 hanze y’igihugu, muri yo 10 yarafungiwe ivyaha vyo guhonyanga agateka ka zina muntu yakoreye mu gihugu kibanyi ca Centrafrique

Amatora y’umukuru w’igihugu muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ategekanijwe mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama uyu mwaka wa 2018,imigambwe ikaba isigaje indwi imwe kugira itange amazina y’abazoyiserukira murayo matora,Jean Pierre Bemba akaba yaramaze kugenwa n’umugambwe wiwe kugira azowuserukire.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.