IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Radio CCIB FM+ yahagaritswe, izindi zine zirafutwa

Radio CCIB FM+ yahagaritswe, izindi zine zirafutwa

vendredi 29 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Ibiganiro vy’iradiyo CCIB FM+ vyahagaritswe mu kiringo c’amezi atatu kuva kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu 2017. Aimé-Divine NIYOKWIZIGIRA arasigura ivyagirizwa iyo Radiyo.

« Iyo radiyo yashikirije amakuru ateye kubiri n’akarangamutima k’umwuga n’amategeko, mw’ijambo ryayo ry’intangamarara ryo kuwa 18 Nyakanga 2017. »

JPEG - 16.1 ko
Aimé-Divine NIYOKWIZIGIRA, umuvugizi wa CNC

Eddy Claude NININAHAZWE, umuyobozi wa Radio CCIB FM+ avuga ko iyo ngingo yafashwe batagishijwe inama, kandi ko batigeze basabwa insiguro ku makosa bagirizwa. Uwo muyobozi akavuga ko uko biboneka, muri CNC hoba harimwo abatazi ingene umwuga w’ukumenyesha amakuru ukorwa.

Insamirizi zatswe burundu uburenganzira bw’ugukorera mu Burundi

Aimé-Divine NIYOKWIZIGIRA amenyesha ko hari izindi nsamirizi n’imboneshakure zatswe burundu uburenganzira bw’ugukorera mu Burundi, kubera zitubahirije amasezerano zari zifitaniye na CNC (Conseil National de la Communication), hamwe n’uko zacerewe gukora imirimo zari ziyemeje. Zimwe muri izo nsamirizi ni izo mu Burundi, izindi nazo akaba ari mpuzamakungu. Izo nsamirizi ni Radio Miguel, Radio CITIZEN, Radio TWITEZIMBERE, Radio TUGIRUBUNTU, Radio RTBF, Radio Ijwi ry’amahoro, Radio-télévision La Vivante Ijwi ry’impemburo, Télévision dénommée « TELE 10 Burundi », Télévision VOIX D’ESPOIR, hamwe na Television distributeur dénommée MMDS.

Izindi nsamirizi zugawe burundi ni Radio Bonesha FM, Radio Publique Africaine, Radio Renaissance, Télévision Renaissance. Izo nazo zagirizwa ko zitubahirije amasezerano zifitaniye na CNC hamwe n’uko zitatunganije ibibazo zifitaniye n’ubutungane. Izo nsamirizi zari zahawe amezi atatu y’ugutunganya ivyo bibazo.

Muri CNC bahamagarira n’abandi bose bakora umwuga w’ukumenyesha amakuru kwisunga amategeko, n’abamaze gukeburwa bisubireko kuko bitagenze ukwo, ibindi bihano bizofatwa, nk’uko vyemezwa na Aimé-Divine NIYOKWIZIGIRA avugira CNC.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Iyo CNC jewe sinumva na gato ico ikora n’ico ishinzwe. CNC hari ikintu yunguza abanyagihugu? Guhagarika canke gufuta ibinyamakuru? Inkuru nyayo kandi itomoye igusanga ku muhana utanayirondeye. Nturinda kumviriza gusa R.T.N.B.. Naho yofata ingingo yo kubifuta vyose amakuru twoguma tuyaronka.

  • Ukonugutumutwe kwa bagize CNC murivyo mwakoze numwana ya raye avutse ntavyo yokora!,
    iyo niyagendo yanyu yo guhohotera amaradio nibimenyesha makuru.
    Ariko muribesha amakuru yimvaho tuzobandanya kuyumva vyanka bishoboka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.