IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko amatora y’ibwirizwa nshingiro (...)

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko amatora y’ibwirizwa nshingiro atabaye mu muco

mardi 22 mai 2018

Mw’itangazo umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Heather Nauert, yashize ahabona, amenyesha ko Reta yaretse abatavuga rumwe nayo baragira imyiyamamazo ariko yaranzwe n’ikubagurwa, iterabwoba, gushika naho amatora aba ata barorerezi bigenga bahari.

Muri iryo tangazo, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko zirajwe ishinga n’ingene ibwirizwa nshingiro rihinyanyuwe rizoshirwa mu ngiro, zikibutsa kandi umugambwe CNDD-FDD ivyo wiyemeje i Pretoriya mu gihugu ca Afrika y’Epfo vyo kwubahiriza amasezerano ya Arusha.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zimenyesha kandi ko zibabajwe n’ihagarikwa ry’amaradiyo BBC n’Ijwi rya Amerika, ihagarikwa n’ibihano bikomeye bihabwa abaharanira agateka ka zina muntu, vyerekana ukugabanya urubuga rwa poritike n’ikibano mu Burundi.

Mu kurangiza, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko zishigikiye abarundi, kandi zizeye ko bafise kazoza aho ubutunzi buzokwiyongera, hakaboneka umutekano n’ubwigenge.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Andika hano Mubisanzwe Ntabahiganwa 2 Uzosanga Bavuga Ngo Vyabaye Neza Kandi Amatora Aheze Wumva Ngo Vyifashe Neza Harimwo Uwa Birwanye Muntango

  • Ewe Hitimana, ngira uri imbonerakure yari ishinzwe canke yahawe akazi na CENI ko guhatira/ gukwirikirana abanyagihugu mu tuzu tw’amatora kugira bemeze ikibi (EGO) kandi babona iciza (OYA). Abatavuga rumwe n’umugambwe urimwo baraburabujwe gushika aho hari abahasize ubuzima. Igishimishije ni uko ubu n’amakungu yabimenye n’aho ataco mutari mwagize kugira ntihagire agakacira, gushika aho mwugara za BBC, VOA, n’izindi ngingo z’ubujuju mwagiye mufata.

  • jewe ndumvamatangazo igihugu runaka ngondasavye reta yuburundi kubahirizamasezerano yi arusha ntihagire ningingobafata kandivyobihugu vyarayahagarariye atacobashoboye gukora nibapfume binumira bareke kugorabanyagihugu bigorewe atakibatabara

  • Amerika, jewe nibazako ukovyarikugendakwose haburana babiri hagatsinda umwe, gusamengo haruwonwashaka kwatsinda ariko akabatatsinze, nimbarurukwo biracabakoye nabomushigikiye.

  • mubisanzwe leta zunze ubumw za amerika,naho biyita ko bakomey ntibabona hose’twe tur abo mumisoz kwel abarorerez bariho mber nabatavugwa na leta ba oya niho bari twebw ntaka nenge tubona

  • Andika hano Mbega Ikintu Kitari Gwawe Atanyungu Kigufitiye Wogishima Gute Umwana Yaba Mubi Yaba Mwiza Ashimwa Nanyenewe Mbega Muri Kamere Yaoyu Nukutugayira Iyo Niyonterano Mudufashisha Murayigumiriza

  • jewe amerika nabarundi bamweba mwe Nokwita Bampemayuzuye Bara Buze Iherezo Ryimuti ! Akar : Nakiribwirizwa Shingiro Ryahahora : Abarimwo Baravuga Ngo Ntibemera Ivyavuye Murayamatora Yihinyany Urwaryibwirizwa shingiro Nibo,Ahotwarito2005 Bavuga Ngo Ntibemera IvyavuyeMwayomatora !! Ariko Ubunibo Bari Hayagiza Ataryo Baribatoye !! Barundi,bumutima Turahagabira NiritwarayeTwiyemer Eje Nihagera Ko Naryo Ko Turihinyanyura Bazokoma Induru. Mwumva,twobitangwiki ? Intovyi.

  • mbe burya barihweje neeeza babona ko uburundi arico gihugu conyene kurino isi kitemerewe canke kidashobora gufata ingingo yo guhindura ibwirizwanshingiro mugihe abarundi babishatse ? ako si akamaramaza mbe mubindi bihugu ko hagera bakarihindura kandi tuzi neza ko habaharimwo abatavuga rumwe na reta ubwo tworindira abatavuga rumwe na reta akaba aribo bafata ingingo ko hageze canke hataragera guhindura ibwirizwanshingiro ? abarundi nukuza turisuzuma muribi canke biriya kabisa !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.