IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirashima ko umukuru w’igihugu C’Uburundi (...)

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirashima ko umukuru w’igihugu C’Uburundi atazokwitoza muri 2020

mercredi 13 juin 2018

Mw’itangazo ryo kur’uyu wa kabiri, igenekerezo rya 12 Ruheshi 2018, umuvugizi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, amenyesha ko ingingo y’umukuru w’igihugu ishobora kuba intambwe nziza mw’itera mbere ry’intwaro rusangi mu barundi ikaba n’akarorero keza ku bandi barongozi bo mu karere.

Ibiro vy’umuvugizi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bisaba Reta y’Uburundi gufata intambwe ziboneka mu guteza imbere intwaro, kwubaha agateka ka zina muntu, gutanga urubuga ku banyagihugu no guteza imbere ubwigenge bw’ibinyamakuru.

Ibiro vy’umuvugizi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko, izo ngingo ari nyamukuru ku bwigenge, ku cizere, no kwugurura ihiganwa rya poritike mu gutegura neza amatora ya 2020.

Babicishije ku biro vy’umuvugizi, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zemeje ko zibandanya gushigikira Uburundi n’abarundi mu bijanye no gutsimbataza amahoro n’iterambere.


IGIHE

Messages

  • umukuru w igihugu cacu n umushingantahe ntasa nano birigwa biyemera no murakakarere

  • Nyakubahwa nkurunziza ndamwipfurije iherezo ryiza kuko numu sérieux kubna asubiye guhuza uburundi na amerika kuko hahora icuka kibi hagati yabo

  • Andika hano murameny nkurunziz nubyey watwex pe kok akaryoshe ntigahor mwitam iman izigamuburund nababutuy

  • Imana yahaye u Burundi umugabo w ijunja n I jambo, umushingantahe ukwiye, imboneza y amahoro, umugabo akunda igihugu ciwe n abanyagihugu umugabo yubaha Kandi akubahiriza Bose, umugabo atwaza I neza, umurongozi aciye ubwenge akandi araba Kure, umugabo aharanira inyungu n ineza y abanyagihugu navyo. Umugabo akunda Imana. Uyo ntayundi ni Son Excellence Pierre NKURUNZIZA umugabo nyawe. Bajya bahora bamuvuga Aya muhe ngira aberetse ko ari ba mujeri koko n’a bajya biyemera ko bakomeye bafise inguvu bazi ubwenge Kandi atanabuke bafise basahura utwabanyagihugu babo a bakanabica ataco bishisha babahora a kamamo biyita bakomeye mûri région ngira barabira kuri we n umugambwe wiwe nyene. Imana imuhezagire, Imana ihezagire umugambwe, Imana ihezagire u Burundi n a Barundi

  • Vyukuri Namakungu Akwiye Kubona Ko Yahenzwe Nabarundi Bamwebamwe Badashaka Demokrasi Rero Amakungu Akwiye Gukuraho Ibihano Atagisabwe Kuko Barenganije Abarundi Nuburundi Bongere Batange Indishi Yakababaro Nayahandi Nkuko Nyakubahwa Yabivuze Bazosaba Imbazi Kandi Batangiye Nukonyene Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.