Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yemeye gutanga uburyo bw’ugushingurana iteka Antime (...)
Reta y’Uburundi yemeye gutanga uburyo bw’ugushingurana iteka Antime BARANSHAKAJE
mardi 11 Ndamukiza 2017, par
Reta y’Uburundi yamenyesheje ko yakiranye umubabaro urupfu rwa Antime BARANSHAKAJE, umutimbo w’inararibonye yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana. Itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA rimenyesha ko BARANSHAKAJE yakoze ibishoboka vyose kugira ingoma z’Uburundi kw’isi yose.
Mu biro vy’umukuru w’igihugu bavuga ko Uburundi bubuze umuntu w’akarorero yitanze kugira akaranga k’Uburundi kamenyekane. Umukuru w’igihugu yahojeje umuryango w’iyo nararibonye yasezeye isi, ahoza n’Abarundi bose.
Reta y’Uburundi yiyemeje ko izoriha amafaranga yose, hamwe n’ibindi vyose bizokenerwa mu migirwa y’ugushingurana iteka Antime BARANSHAKAJE.
Antime BARANSAKAJE, umutimbo rurangiranwa yari ku musego, kuva mu kwezi kw’icenda umwaka w’2016, amagara yiwe akaba yari abangamiwe inyuma y’isanganya yagize ariko yiyunguruza kw’ipikipiki.
BARANSAKAJE Antime ava mu muryango wakingiye umwami Mwezi Gisabo igihe yagira agandagurwe n’abansi. Ni nawe yabitse gushika n’uyu munsi ingoma zibiri zakanywe mu nshato z’inka umwami Mwezi Gisabo yari yagabiye umuryango wiwe.
IGIHE
Messages
11 Ndamukiza 2017, 11:02, par Kimana Armand
Birarey agahinda can.
Ba nkunda agapfuy.
Bananiw no gutanga ayo kumurungika kwivuza ariko ayo kumushingura barayarons.
Ni akamaramaza
11 Ndamukiza 2017, 12:41, par Wakera
Iryo n’ibara kumutemere!! Igihugu cananiwe gutanga $6000 yokumutwara kumuvuza muri Kenya, none ngo bazotanga ayo kumufubana iteka!!! Ariko bageze habi kuko basigaye batakambira ubushinwa ngo bubahe Buruguri yuguhemba imbonerakure!! Shame on the illegal government
11 Ndamukiza 2017, 16:53, par Hakizimana
UYO MUTAMA NTAKUNDI ARIKO YIRIKHRUMARA MU BURUNDI