IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yemeye gutanga uburyo bw’ugushingurana iteka Antime (...)

Reta y’Uburundi yemeye gutanga uburyo bw’ugushingurana iteka Antime BARANSHAKAJE

mardi 11 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi yamenyesheje ko yakiranye umubabaro urupfu rwa Antime BARANSHAKAJE, umutimbo w’inararibonye yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana. Itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA rimenyesha ko BARANSHAKAJE yakoze ibishoboka vyose kugira ingoma z’Uburundi kw’isi yose.

Mu biro vy’umukuru w’igihugu bavuga ko Uburundi bubuze umuntu w’akarorero yitanze kugira akaranga k’Uburundi kamenyekane. Umukuru w’igihugu yahojeje umuryango w’iyo nararibonye yasezeye isi, ahoza n’Abarundi bose.

Reta y’Uburundi yiyemeje ko izoriha amafaranga yose, hamwe n’ibindi vyose bizokenerwa mu migirwa y’ugushingurana iteka Antime BARANSHAKAJE.

Antime BARANSAKAJE, umutimbo rurangiranwa yari ku musego, kuva mu kwezi kw’icenda umwaka w’2016, amagara yiwe akaba yari abangamiwe inyuma y’isanganya yagize ariko yiyunguruza kw’ipikipiki.

BARANSAKAJE Antime ava mu muryango wakingiye umwami Mwezi Gisabo igihe yagira agandagurwe n’abansi. Ni nawe yabitse gushika n’uyu munsi ingoma zibiri zakanywe mu nshato z’inka umwami Mwezi Gisabo yari yagabiye umuryango wiwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.